IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne: Louis Enrique yatanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza FC (...)

Espagne: Louis Enrique yatanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza FC Barcelona

jeudi 2 Ntwarante 2017

Naho amasezerano yo kumenyereza w’umurwi FC Barcelona atari bwarangire, umumenyereza Louis Enrique yatanze imihoho mu mabanga y kumenyereza uwo murwi.

Umumenyereza Louis Enrique yamenyesheje ko atanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza umurwi FC Barcelona mw’ijoro ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Ntwarante, umwaka wa 2017.

Louis Enrique w’imyaka 46 y’amavuka yasiguye ko atanze imihoho kubera uburuhe bw’imyaka itatu amaze amenyereza uwo murwi wa FC Barcelona,ariko kandi vyari bitegekanijwe ko amasezerano ahera mu kwezi kwa gatandatu, umwaka wa 2017.

Bitegekanijwe ko uwuzosubirira umumenyereza Louis Enrique azomenyekana imbere y’igenekerezo rya 1 Mukakaro, umwaka wa 2017.

Amazina y’abashobora gusubirira Louis Enrique yamaze gutangura kuvugwa, muri abo harimwo Jerge Sampaol amenyereza FC Séville , Laurent Blanc yahoze amenyereza umurwi wa Paris Saint Germain na Valverder amenyereza umurwi wa Athletic Bilbao.

Louis Enrique atanze imihoho afashije umurwi wa FC Barcelona gutahukana ibikombe 8 vyo mu mahiganwa atandukanye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.