IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Olivier NIYUNGEKO:’’Gutegura umurwi nserukiragihugu si igikorwa (...)

Olivier NIYUNGEKO:’’Gutegura umurwi nserukiragihugu si igikorwa c’umumenyereza gusa’’

vendredi 12 Rusama 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 Rusama ,umwaka wa 2017, umumenyereza Olivier NIYUNGEKO yamenyesheje ko kugira batumeko umukinyi mu murwi nserukira gihugu baraba ico ariko aramara mu murwi asanzwe akinamwo.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu amenyesha ko ata muntu numwe abwiriza umumenyereza abakinyi atora baja mu murwi nserukiragihugu, kuko mu gihe umurwi utsinzwe canke ugatsindwa bibazwa umumenyereza mukuru.

Muri ico kiganiro,umumenyereza Olivier NIYUNGEKO yavuze ko mu ntumbero yo gufasha umurwi nserukiragihugu kwiyubaka no gushika kure, hakenewe ko hashingwa umurwi nserukiragihugu wamaho, abakinyi bakama bitegurira hamwe.

Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO amenyesha ko gutegura umurwi nserukiragihugu atari akazi k’umuntu umwe , ari naco gituma agiye gusaba ko haja umurwi ujejwe gukurikirana umurwi nserukiragihugu ugizwe n’abamenyereza, anbamenyeshamakuru, abahagarikizi , hamwe n’abandi bose bafise ico boterera.

Bitegekanijwe ko umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba utangura imyimenyerezo kw’igenekerezo rya 22 Rusama, mu ntumbero yo kwitegurira inkino hagati ya Sudani na Sudani yo mu Bumanuko , mu kurondera uburenganzira bwo kuja mu nkino za CAN na CHAN.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.