Olivier NIYUNGEKO yasohoye urutonde rw’abakinyi bitegurira CHAN 2018

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 Ruheshi 2017 saa 10:06
Yasomwe : 9819
0 0

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO yasohoye urutonde rw’abakinyi 30 bazotorwamwo abazokina urukino ruhuza Uburundi na Sudani, mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa rya CHAN rihuza imirwi nserukirabihugu ikinamwo abakinyi bakina mu mirwi yo mu bihugu vyabo, rizobera mu gihugu ca Kenya mu mwaka uza wa 2018.

Abakinyi batumweko bava mu mirwi ya Vitalo FC, LLB s4Africa, Athletico Olympic, Musongati FC y’i Gitega, Messager Ngozi na Aigle Noir y’i Makamba.

Abatumweko ni :

1 . Nahimana Jonathan asamira Vital’o Fc
2. Mutombora Fabien asamira LLB S4a
3. Nibahezwa Dieudonné asamira Messager Ngozi
4. Rugumandiye Yvan asamira Musongati Fc

Abakinyi b’inyuma ni :

5.Harerimana Rachid Léon akinira LLB S4a
6. Ndaye Chancel akinira LLB S4a
7. Barisize Nassor akinira Olympic star
8. Ndizeye Samuel akinira Athletico Olympic
9. Moussa Omar akinira Athletico Olympic
10. Ndoriyobija Eric akinira LLB S4a
11. Nshimirimana David akinira Vital’o Fc
12. Ndayisenga Franck Dunia akinira Musongati Fc
13. Ndikumana Trésor akinira LLB S4a

Abakinyi bo hagati ni :

14. Duhayindavyi Gaël akinira Vital’o Fc
15. Urasenga Cédric Danny Kagabo akinira Messager Ngozi
16. Hakizimana Djuma Tonton akinira Athletico Olympic
17. Ntirwaza Sudi akinira Musongati Fc
18. Barirengako Franck akinira Musongati Fc
19. Sabumukama Enock akinira Messager Ngozi
20. Ndayishimiye Youssouf Nyange akinira Aigle Noir
21. Ndikumana Moussa akinira Athletico Olympic
22. Niyonkuru Pascal akinira LLB S4a

Abasatirizi ni:

23. Ndarusanze Jean-Claude batazira Lambalamba akinira LLBS4a
24. Nahimana Papa Claude akinira Athletico Olympic
25 . Ndizeye Seif Thomson akinira LLB S4a
26. Iddy Saidi Djuma Ballack akinira LLB S4a
27. Tity Mavugo akinira Aigle noir
28. Ulimwengu Jules akinira Vital’o Fc
29. Habonimana Célestin Manyoka akinira LLB S4a.
30. Bimenyimana Bonfils Caleb akinira Vital’o Fc.

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi nuwa Sudani ruzoba kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017, ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko RWAGASORE.


Kumenyekanisha

1
Kabila Nshimirimana 22-06-2017 à 15:04

tuzorutsinda Kuko Abarundi Turashoboye Intamba Oyeeee

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha