Accueil > Inkino > FOOTBALL > Portugal : Umuvyeyi w’umumenyereza José Mourinho yitavye Imana
Portugal : Umuvyeyi w’umumenyereza José Mourinho yitavye Imana
lundi 26 Ruheshi 2017
Umuvyeyi wa José Mourinho yitavye Imana kuw’Imana igenekerez rya 25 Ruheshi 2017,afise imyaka 79 y’amavuko,mu gisagara ca Setubal,mu gihugu ca Portugal.
Mu kwerekana umubabaro yatewe n’urupfu rwa se wiwe,abicishe ku rubuga rwa Instagram José Mourinho, yashizeko ishusho bafashe akiri mut ari kumwe n’umuvyeyi wiwe,yaherekejwe n’ubutumwa butandukanye bwo kumuhoza.
Se wa José Mourinho yitavye Imana, yahoze ari umunyezamu mu murwi Vitoria Setubal na Belenenses. Yakinye kandi mu murwi nserukiragihugu wa Portugal mu mwaka w’1972.
Umuvyeyi wa José Mourinho yarabaye kandi umumenyereza w’imirwi Uniao Leiria, Amora, Rio Ave, Belenenses na Vitoria yo mu gihugu ca Portugal.

Bitegekanijwe ko bazomusezera irya nyuma kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.
MUGISHA Van Naris
Messages
1er Mukakaro 2017, 22:34, par Adronis
IMANA NIMWAKIRE MURUNDI IVYOYARIKOZE VYARI VYINSHI VYINGIRA KAMARO.