IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Portugal : Umuvyeyi w’umumenyereza José Mourinho yitavye Imana

Portugal : Umuvyeyi w’umumenyereza José Mourinho yitavye Imana

lundi 26 Ruheshi 2017

Umuvyeyi wa José Mourinho yitavye Imana kuw’Imana igenekerez rya 25 Ruheshi 2017,afise imyaka 79 y’amavuko,mu gisagara ca Setubal,mu gihugu ca Portugal.

Mu kwerekana umubabaro yatewe n’urupfu rwa se wiwe,abicishe ku rubuga rwa Instagram José Mourinho, yashizeko ishusho bafashe akiri mut ari kumwe n’umuvyeyi wiwe,yaherekejwe n’ubutumwa butandukanye bwo kumuhoza.

Se wa José Mourinho yitavye Imana, yahoze ari umunyezamu mu murwi Vitoria Setubal na Belenenses. Yakinye kandi mu murwi nserukiragihugu wa Portugal mu mwaka w’1972.

Umuvyeyi wa José Mourinho yarabaye kandi umumenyereza w’imirwi Uniao Leiria, Amora, Rio Ave, Belenenses na Vitoria yo mu gihugu ca Portugal.

Bitegekanijwe ko bazomusezera irya nyuma kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.