Primus League : Uko imirwi ihura mu npera z’iyi ndwi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 7 Ndamukiza 2018 saa 10:55
7680
0 0

Ihiganwa rya Primus League rirabanda kuri uwu wa gatandatu hamwe no kuw’Imana, ku munsi waryo wa 25. Inkino zo kuri uwo munsi zikirinirwa ku bibuga bitandukanye vy’i Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati.

Uko imirwi igiye guhura :

Kuri uwu wa gatandatu igihe c’isaha icenda, mu ntara ya Gitega, Flambeau du Centre ihura na Inter Stars.

Mu Buterere mu gisagara ca Bujumbura, isaha icenda, Vitalo FC itana mu mitwe na Les Jeunes Athletiques.

Kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2018, kw’isaha icenda, ku kibuga citiriwe URUKUNDO kiri mu ntara ya Ngozi, Ngozi City izohura na Messager Bujumbura.

Mu ntara ya Ruyigi, isaha icenda, Flambeau de l’Est izokina na Delta Stars.

Ku kibuga co mu Buterere mu gisagara ca Bujumbura, isaha indwi kuri uwu w’Imana, Les Lierres izokina na Bujumbura City.

Isaha icenda, kuri ico kibuga nyene, LLB izokina na Aigle Noir.

I Gitega, isaha icenda, Musongati FC izokina na Messager Ngozi.

Mu ntara ya Muyinga, isaha icenda, Olympic Star izokina na Athletico Olympic.


Kumenyekanisha

1
Bitangimana asman 9-04-2018 à 10:04

Andika hano

2
Stive Picici Iradukunda 8-04-2018 à 12:17

Musongati Irabikora Uyu Musi Mugusinda Le Messager Ngozi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha