IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus Ligue Burundi : Imirwi itatu yakorokeye mu cicaro ca kabiri (...)

Primus Ligue Burundi : Imirwi itatu yakorokeye mu cicaro ca kabiri yamenyekanye

vendredi 25 mai 2018

Umurwi Inter Star niwo wa nyuma vyamenyekanye ko ugiye gukina mu cicaro ca kabiri, inyuma y’urukino rwadadanuye ibintu rwabaye kur’uyu wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018, rukaba rwahuje umurwi Messager Bujumbura na Flambeau du Centre.

Muri urwo rukino, umurwi Messager Bujumbura watsinze igitsindo kimwe ku busa bwa Flambeau du Centre, ivyatumye umurwi Inters Star uca uza inyuma ya Messager Bujumbura nawo washobora gutibukira mu cicaro ca kabiri, Inter Star wari watsinzwe kandi na Ngozi City igitsindo kimwe ku busa mu rukino rwabaye kuwa gatatu.

Izindi nkino zabaye zagenze uku :

- Les Lierres 8-2 Les Jeunes athlétiques
- Messager Ngozi 2-1 LLB S4a
- Olympic star 3-0 Delta star
- Bujumbura city 0-1 Vital’o Fc
- Musongati Fc 1-2 Aigle noir.

Mwomenya ko umurwi Messager Ngozi ukiri mu kibanza ca mbere, inyuma y’urukino rwo kur’uyu wa kane watsinze LLBS4 Afrika ibitsindo bibiri kuri kimwe, ugasabwa kunganya gusa mu rukino rw’indwi ya nyuma ruzowuhuza na Olympic Star, kugira utahukane igikombe c’uyu mwaka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.