Primus Ligue Burundi : Umurwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 février 2018 saa 10:36
Yasomwe :
0 0

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi ryarabandanije ku munsi waryo wa 20. Inyuma y’inkino zabereye ku bibuga bitandukanye,umurwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere, ku rutonde nfatakibanza.

Mu nkino zabaye kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2018, gushika kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, imirwi yatsindanye uku gukurikira :

MESSAGER NGOZI 3 : 1 JEUNES ATHLETICS

LLB S4A 4 : 1 LES LIERRES

BUJUMBURA CITY 0 : 2 MUSONGATI

NGOZI CITY 3 : 0 FLAMBEAU

AIGLE NOIR 1 : 1 VITAL’O

INTER STARS 2 : 0 DELTA STAR

Ku rutonde nfatakibanza, umurwi Messager Ngozi uza mu kibanza ca mbere n’amanota 49, umurwi LLB uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 44, mu kibanza ca gatatu ni Aigle Noir n’amanota 40, Vitalo uza mu kibanza ca kane n’amanota 34, nayo mu kibanza ca nyuma, hari umurwi Delta Star n’amanora 5.


Kumenyekanisha

1
GERARD MACHOCK 27-02-2018 à 12:26

ndashima kunkino mudushikiriza

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha