Primus Ligue: LLB yatahukanye igikombe umunsi umwe imbere yuko ihiganwa rihera

Yanditswe na
Kuya 18 Rusama 2017 saa 11:12
Yasomwe : 5085
0 0

Umurwi wa LLB Sport4Africa watahukanye igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi Primus Ligue 2016-2017 ,inyuma y’urukino rwahuje umurwi wa LLB n’umurwi wa Ngozi City.

Umurwi wa LLB Sport 4Africa watahukanye igikombe c’uno mwaka inyuma yo gutsinda ibitsindo bitanu ku gitsindo kimwe c’umurwi wa Ngozi City, mu rukino rwabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 17 Rusama,umwaka wa 2017.

Umurwi wa LLB Sport 4 Africa utahanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi n’amanota 65, ku munsi umwe imbere y’uko ihiganwa nyezina rirangira ku munsi w’Imana igenekerezo rya 21 Rusama,umwaka wa 2017.

Muri iryo higanwa iyindi mirwi ikurikirana vy’infatakibanza uku : Athletico Olympique uza mu kibanza ca kabiri, Vitalo mu kibanza ca gatatu,Aigle Noir mu kibanza ca kane, Messager Ngozi nayo iza mu kibanza ca gatanu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha