IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus Ligue : Messager Ngozi imenyesha ko ititeguye gukurikiza (...)

Primus Ligue : Messager Ngozi imenyesha ko ititeguye gukurikiza ikirangaminsi c’inkino zisigaye

lundi 23 avril 2018

Amakuru dukesha Elysé Niyubahwe wo mu gisata co kumenyesha amakuru muri Academie Le Messager, avuga ko mw’ikete umurwi Messager Ngozi FC wandikiye kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2018, igisata kijejwe gutunganya inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi(FFB), uwo murwi werekanye ko hari amakenga ku nkino zitegekanijwe.

Umurwi Messager Ngozi usigura ko, mu gihe mu gace ko gutangura Messager Ngozi yakinye na LLBS4 Afrika ku musi wa 2,Vital’o ku musi wa 3 na Ngozi City ku musi ugira 4,bisigurako ku musi wa 27 Messager Ngozi ikina na Ngozi City, ku musi wa 28 yokinye na Vital’o, ku musi wa 29 yotegerejwe gukina na LLB.

Muri iryo kete, umurwi Messager Ngozi usigura ko udatahura igituma aho mu bisanzwe wari gukina na Ngozi City bahashize Vital’o, aho wari gukina na Vital’o bahashize LLBS4 Afrika, aho wokinye na LLBS4 Afrika naho bahashira Ngozi City.

Umurwi Messager Ngozi, uvuga ko bisanzwe bizwi ko umurwi LLBS4 Afrika uriko uragwanira ikibanza ca mbere na Messager Ngozi, rero ko bitumvikana ukuntu uwo murwi utaraheza ibirarane vy’inkino bibiri, mu gihe wakuwe mw’ihiganwa na Rayons Sport kw’igenekerezo rya 21/02/2018,haraheze amezi abiri.

Kubw’umurwi Messager Ngozi, biboneka ko LLBS4 Afrika, inyuma y’urukino ruzoyihuza na Messager Ngozi yoba isigaranye inkino zitatu, Messager Ngozi nayo zibiri, aho Messager Ngozi igasigura ko ibiharuro vyokorwa atawubizi.

Umurwi Messager Ngozi, uvuga kandi ko udatahura ukuntu inkino z’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu zije kwinjizwa mu mushuhira w’ihiganwa Primus Ligue kandi zozo zonakinwa no hanyuma kandi n’imirwi ifise ibirarane itarabiheza.

Umurwi Messager Ngozi, umenyesha ko bidasiguritse rero, kuko hari imirwi biyisaba kugira ibirometero vyinshi mu mwanya muto, mu gihe bobo bajanywe mu Rumonge kandi atariko vyategerezwa kugenda.

Inyuma y’inkino z’umunsi wa 26 w’ihiganwa mu cicaro ca mbere Primus Ligue, umurwi Messager Ngozi uri mu kibanza ca mbere n’amanota 63, ugakurikirwa na LLBS4 Afrika n’amanota 56, Aigle Noir uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 52, Vitalo mu kibanza ca 4 n’amanota 46.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • nkico mbona nuko bokworohereza iyokip yaco ikomez ibatsind messager ngozi ntifyina ni messager yose ntiyoroshe yaba nto vyingwe nkuru irigisha ibro gusa yabivuze kare ko itishimiye icokirangamisi nibarabe bagihindure twitwarire igikombe turagifise muntoke ntitukirekura murakoze !!

  • jew nkumufan wa le messager ngozi ndakund umurw arik jew mvug at intsinz ni ya messager kuk ndayizey ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.