Primus Ligue : Umurwi Aigle Noir wafashe ikibanza ca mbere cahorana LLBS4A

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 Gitugutu 2017 saa 09:09
Yasomwe : 4707
0 0

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi rirabandanya. Inyuma y’igice c’inkino ku ndwi ya gatandatu,umurwi LLBS4A wavuye mu kibanza ca mbere inyuma yo gutsindwa n’umurwi Aigle Noir ibitsindo bine ku busa.

Mu gice ca mbere c’inkino zabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Gitugutu 2017,umurwi Flambeau de l’Est watsinze umurwi Delta Star ibitsindo 2 ku busa,umurwi Olympic Star w’i Muyinga nawo utsinda umurwi Athletico Olympic ibitsindo 2 ku busa.

Mu zindi nkino zabaye ,umurwi Les Lierres watsinze umurwi Bujumbura City ibitsindo bitatu kuri kimwe,umurwi Messager Ngozi utsinda Musongati ibitsindo bine ku bitsindo bitatu, nayo umurwi Messager Bujumbura unganya na Ngozi City igitsindo kimwe ku kindi.

Mu kurindira inkino zitegekanijwe kuri uno wa mbere zihuza umirwi Les jeunes Athletic na Vitalo isaha umunani hamwe na Inter Star ikina na Flambeau du Centre ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, ku rutonde nfatakibanza vyifashe uku:

Mu kibanza ca mbere hari umurwi Aigle Noir n’amanota 16, mu kibanza ca kabiri hari LLBS4A n’amanota 15, mu kibanza ca gatatu haza Messager Ngozi n’amanota 15,mu kibanza ca kane ni Olympic Star n’amanota 13, mu kibanza ca gatanu ni Les Lierres n’amanota 13.

Umurwi Vitalo wari umenyerewe mu bibanza vya mbere,uza mu kibanza ca 10 ku rutonde nfatakibanza mu kurindira urukino uza gukina kuri uno wa mbere n’umurwi les jeunes Atletics.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha