Primus Ligue : Umurwi LLBS4A watahukanye igikombe mu rukino rurangiza ihiganwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 Myandagaro 2017 saa 08:32
Yasomwe : 4311
0 0

Umurwi LLBS4A niwo watahukanye igikombe mu rukino rusozera ihiganwa Primus Ligue ry’umwaka wa 2016 ushira uwa 2017,inyuma yo gutsinda umurwi Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba,mu rukino rwabaye kuw’Imana igenekerezo rya 20 Myandagaro 2017.

Muri urwo rukino rwo gusozera ihiganwa rya Primus Ligue,umurwi LLBS4A watsinze umurwi Aigle Noir bitoroshe kuko iminota 90 itegekanijwe yaheze imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.

Mu gice ca kabiri c’urwo rukino rwabereye ku kibuga c’intara ya Gitega, aho bategerezwa gutatura imirwi ibiri bakoresheje gutera mw’igori (penality),umurwi LLBS4A uca utsinda 5 kuri zine za Aigle Noir.

Mu nkino za mbere zabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2017,umurwi LLBS4A wari watsinze umurwi Vitalo ibitsindo 2 ku busa, mu gihe umurwi Aigle Noir wari watsinze Atletico Olympique ibitsindo 2 ku busa.

Kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga 2017,harategekanijwe urukino rwa Super Cupe ruzoca ruhuza umurwi LLBS4A n’umurwi Olmpique Star w’i Muyinga watahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha