IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Rayon Sports imenyerezwa n’umurundi yatahukanye ihiganwa ry’umwaka (...)

Rayon Sports imenyerezwa n’umurundi yatahukanye ihiganwa ry’umwaka w’2016-2017

vendredi 19 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Masoudi Djuma, yigeze kuba akinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi atahukanye ico gikombe ari umumenyereza, mu gihe mu mwaka w’2004 yagitahukanye akinira uwo murwi.

Rayon Sports ikinamwo kandi Abarundi babiri bakomeye muri iyo higanwa ryo mu Rwanda, aribo NAHIMANA Shassir hamwe na KWIZERA Pierrot. Muri Rayon Sports hakina kandi umukinyi w’imyuma, Fiston MUNEZERO asanzwe azwi mu mirwi yo mu Burundi nka Inter Stars hamwe na Royal y’i Muramvya, ariko ubu akaba akinira umurwi nserukiragihugu w’Urwanda.

JPEG - 298 ko
Fiston MUNEZERO yabonetse umwanya munini mu mirwi yo mu Burundi, ubu akaba akinira AMAVUBI
JPEG - 162.8 ko
Umunezero wari wose ku mumenyereza Masoudi Djuma
JPEG - 239.8 ko
Abakunzi ba Rayon Sports bareruye KWIZERA Pierrot, umukinyi w’umurundi akina hagati mu kibuga, kandi avyifatamwo neza cane
JPEG - 238.6 ko
Umurundi NAHIMANA Shassir akina hagati kandi yinjiza ibitsindo vyinshi muri uwo murwi
JPEG - 261.1 ko
KWIZERA Pierrot atanze umupira n’umutwe
JPEG - 193.8 ko
NAHIMANA Shassir acenga umukinyi wa Mukura
JPEG - 190.6 ko
Masoudi Djuma yereka abakinyi umukenyuro w’urukino
JPEG - 243.3 ko
Masoudi Djuma ashima Imana inyuma y’iyo ntsinzi yatumye umurwi amenyereza utahukana igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.