Rwanda : Abakinyi babiri b’umupira w’amaguru bitavye Imana mw’ijoro rimwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 novembre 2017 saa 10:34
Yasomwe : 18252
0 0

NDIKUMANA Hamad Katauti icegera c’umumenyereza w’umurwi Rayon Sport, akaba yarakinye kandi mu murwi wa Vital’o wo mu Burundi, hamwe na
HATEGEKIMANA Bonaventure batazira ‘Gangi’ bitavye Imana mw’ijoro buca ari kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017. Katauti ahitanywe n’urupfu giturumbuka, mu gihe Gangi wewe ahitanywe n’indwara y’ikivyimba.

Amakuru ava mu binyamakuru vyo mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko icatumye Katauti yitaba Imana kiitaramenyekana, kuko kur’uyu wa gatatu inyuma y’umutaga yagirishije imyimenyerezo.

Ayo makuru amenyesha ko nk’igihe c’isaha zine z’ijoro kur’uyu wa gatatu ariho yumva ko atameze neza mu mubiri, aca aja kurondera imiti, ariko nk’igihe c’isaha icumi mu bucagucagu bwo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017, niho vyameneyekana ko yitavye Imana, mu bitaro vya CHUK aho yahavuye ajanwa gukurikiranwa n’abaganga.

JPEG - 27.6 ko
Katauti yakiniye Vitalo ,akinira n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda

NDIKUMANA Hamad Katauti afise amamuko mu Burundi yakiniye umurwi nserukiragihugu w’Urwanda inkino 51 nk’umukinyi w’inyuma, kuva mu mwaka w’1998, akaba kandi yarabaye kizigenza w’uwo murwi igihe kitari gito.

HATEGEKIMANA Bonaventure batazira ‘Gangi’ nawe yakiniye imirwi nka yose yo mu cicacro ca mbere mu Rwanda, yitavye Imana nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, ahitanywe n’indwara y’ikivyimba mw’izosi.

Mu kwezi kwa kabiri 2017 niho Gangi yamenyesha ko ahagaritse gukina umupira w’amaguru kubera indwara yamufashe mu mpera z’umwaka wa 2016 bugatangura ari ikivyimba cyamufashe kw’izosi hanyuma bakakibaga.

JPEG - 132.4 ko
Gangi, yakiniye imirwi myinshi mu gihugu c’Urwanda

Ku ruhande rwa Katauti, yar’azwi nk’umwe mu bigeze kugira ubugeni buzimvye cane mu gihugu c’Urwanda igihe yabana na Irene Uwoya azwi kw’izina rya Oprah,umukinyi w’amareresi mu gihugu ca Tanzaniya.


Kumenyekanisha

1
ENOCK NICK UWIMANA 16-11-2017 à 09:26

IMANA IBAAKIRE TWABAKUNDAGA ARIKO IMANA YABAKUNZE KUTURUSHA.IMIRYANGO YABO IKOMEZE KWIHANGANA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha