IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido NTIBAZONKIZA agiye gukina mu gihugu ca Kazakistan

Saido NTIBAZONKIZA agiye gukina mu gihugu ca Kazakistan

lundi 13 Ruhuhuma 2017

Umukinyi w’umurundi Saido NTIBAZONKIZA yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi FC Kaysar wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kazakistan.

Saido NTIBAZONKIZA yashize umukono kuri ayo masezerano kuwa kane igenekerezo rya 10 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Umurwi wa FC Kaysar uramaze gutahukana igikombe ca Kazakhstan Cup incuro imwe,hamwe n’ibikombe bitatu vy’ihiganwa rikuru.

Kuva atanguye gukina nk’umukinyi yabigize umwuga , Saido NTIBAZONKIZA amaze gukina mu mahiganwa atanu ,iryo mu Buhorande, muri Tirikiya, mu Bufaransa, hamwe naho agiye gukinira mu gihugu ca Kazakistan.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.