Accueil > Inkino > FOOTBALL > Shassir NAHIMANA ashobora kuva mu murwi wa Rayon Sports
Shassir NAHIMANA ashobora kuva mu murwi wa Rayon Sports
mardi 24 Nzero 2017
Umukinyi w’umurundi akinira umurwi wa Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda Nahimana Shassir,amenyesha ko ababazwa no kubona abakinyi bakinana hamwe n’abayobozi b’umurwi bamwagiriza ko akoresha uburozi ,agatuma abandi bakinyi bakinana badatsinda.
Nahimana Shassir yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu vy’uburozi atavyemera ariko ko yemera amasengesho, kuko avuga ko asanzwe avyuka kare agasenga.
Umukinyi Shassir NAHIMANA yavuze ko adatahura igituma bavuga ko ariwe aroga bagenzi biwe kandi hari inkino yatsinda inyuma y’abandi bakinana canke inkino zigahera atinjije igitsindo na kimwe.

Shassir NAHIMANA akamenyesha ko ikimubabaza cane ari uko abarongoye umurwi wa Rayon Sports nabo bahagaze nabo aho bagaha agaciro amajambo yashikirijwe n’abakinyi bagenzi we.
Avuga ko namba mu murwi wa Rayon Sports babona ko ata kamaro abafitiye bomwirukana, kandi bamubwiye ko ataha naho nyene yotaha.
Umukinyi NAHIMANA Shassir yavuze ko abizi ko hari abakinyi bakoresha uburozi, ariko ko wewe yemera ivyanditswe mw’ikorowani, kandi noneho atavuye mu Burundi agiye mu murwi wa Rayon Sports kuroga abakinyi.
Mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda, umukinyi w’umurundi NAHIMANA Shassir afise ibitsindo 11 mu nkino 14 amaze gukina.
IGIHE
Messages
24 Nzero 2017, 14:00, par DONATA
MUGENZI NAHIMANA NIBAKUREKE UWIMANA YIHERE UMUGISHA NTAVYO BATAMUBWIRA WEWE AHUBWO KURAJ
24 Nzero 2017, 16:34, par peter
naho azajya
25 Nzero 2017, 21:30, par bonith
ahubwo ba buriwe ni bamureke urya umupira uri mumaraso yiwe kuko na bona ni bujumbura atsinda.
25 Nzero 2017, 22:04, par Richard
Ahubwo Jewe Mbona Yokwivirayo Akisubirira Iwacu Muburundi Akazo Ronderera Ahandi Kabisa
4 Ruhuhuma 2017, 08:55, par Willy Ininahazwe
We Komera Wikinira Abanyarwanda Naho Bagiz Amahirw Yo Kuj Mur Shan Ni Ibinebw Kumupir Ntibashye We Courag Di
2 Ntwarante 2017, 18:13, par HAKIZIMANA jean Bosco
shassir numukinyi wumurundi ntaburozi akoresha ahubwo nimba bamuhaze niyigarukire muri VITAL’O natwe yagiye tutamwanka kandi nakomeze gusenga tumwipfurije kuzomera nka MESSI wo muri BARCELONE nkako yambara nimero 10.
2 Ntwarante 2017, 18:25, par Hakizimana
ntaco mbna bamuhora nimba bamuhaze niyigarukire muri VITAL’O ndamwipfuriza kumera nka MESSI wo muri BARCELONE nkuko yambara numero 10.nakomeze gusenga