IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Shassir NAHIMANA ntatangura mu kibuga mu rukino na Costa do Sol yo muri (...)

Shassir NAHIMANA ntatangura mu kibuga mu rukino na Costa do Sol yo muri Mozambike

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Abarundi babiri aribo KWIZERA Pierrot yahawe ikarata itukura mu rukino rwa mbere, hamwe na BIMENYIMANA Bonfils Caleb ari mu bihano vya CAF ntibajanye n’umurwi wabo wa Rayon Sports mu gihugu ca Mozambike, aho uwo murwi uza gukina urukino rw’ugusubiriza na Costa do Sol yo muri Mozambike.

Shassir NAHIMANA nawe, naho ari mu bakinyi 18 biteguriye gutana mu mitwe n’uwo murwi, ntiyashizwe ku rutonde rw’abakinyi 11 bashimwe n’umumenyereza Ivan Minnaert wa Rayon Sports kugira batangure mu kibuga. Uwo murundi asanzwe atsindira kenshi Rayon Sports, ubu akaba asa n’uwutarabana ryiza n’umumenyereza mushasha, yashizwe ku ntebe y’abasubirizi.

N’aho umurwi wa Rayon Sports yatsinze ibitsindo bitatu ku busa mu rukino rwa mbere, biboneka ko ku rutonde umumenyereza Ivan Minnaert yatangaje, yahisemwo uburyo bwo gusatira. Kuri urwo rutonde, abakinyi b’inyuma akinisha batatu, umwe imbere yabo, babiri ku mpande, abakinyi babiri hagati, hamwe n’abasatirizi babiri barimwo umurundi Shaban Hussein Tchabalala, ari nawe yinjije wenyene ibitsindo bibiri muri bitatu Rayon Sports yatsinze Costa do Sol mu rukino rwa mbere.

JPEG - 291.8 ko
Umusatirizi w’umurundi Shabani Hussein Tchabalala yinjije wenyene ibitsindo bibiri muri bitatu Rayon Sports yatsinze Costa do Sol mu rukino rwa mbere

Rayon Sports ironka amahirwe y’ukubandanya iryo higanwa mu gihe yotsinda urwo rukino, canke igatsindwa ibitsindo bitarenze bibiri. Mu gihe yotsinda, uwo murwi woba ubaye uwa mbere mu mateka y’umupira w’amaguru mu Rwanda, ushitse mu gice c’amatsinda y’irushanwa iryo ariryo ryose Nyafrika.

Urwo rukino rubera ku kibuga ca "Estadio Nacional Do Zimpeto" mu gisagara ca Maputo, abahagarikizi b’urwo rukino bose uko ari batatu akaba ari Abarundi : Thierry Nkurunziza, Shabani Niyungeko na Ramadhan Nijimbere.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.