IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubudagi bwatahukanye igikombe ca confederation cup

Ubudagi bwatahukanye igikombe ca confederation cup

mardi 4 Mukakaro 2017

Ubudagi bukaba ari irya mbere butwaye ico gikombe ca confederation cup inyuma yo gutsinda igitsindo kimwe ku busa bw’igihugu ca Chili,cinjijwe n’umukinyi Lars Stindl mu gice ca mbere c’urukino, inyuma y’ikosa ryakozwe na Marcelo Diaz .

Abakinyi ba Chili Arturo Vidal na Angelo Sagal bose baragerageje gusatira bacisha umupira hejuru y’igori mu minota ya nyuma ariko ntaco bakuyemwo .

Umunyezamu Manuel Neuer n’ abakinyi bo hagati nka Mesut Ozil na Toni Kroos, n’uw’imbere Thomas Muller batakinishijwe, bivugwa ko barindirijwe ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mwaka uza wa 2018 kizobera mu gihugu c’Uburusiya .

Iryo higanwa ryitiriwe confederation cup rihuza imigwi yabaye iya mbere mu mahiganwa yo ku migabane ryari ryahuje ibihugu 8 arivyo Uburusiya bwateguye izo nkino, Ubudagi ,Australie ,Chili ,Mexique,Nouvelle Zelande , Portugal afrika ikaba yaserukiwe n’igihugu ca Cameroun.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.