IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwagumanye ikibanza bwahorana ku rutonde rwa FIFA

Uburundi bwagumanye ikibanza bwahorana ku rutonde rwa FIFA

lundi 16 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibihugu biza mu bibanza bitatu vya mbere ni Ubudagi, Bresil hamwe n’igihugu ca Portugal.

Ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda vyagumye mu bibanza vyavyo, Uburundi buza mu kibanza c’i 129. Urwanda narwo rukaza mu kibanza c’i 118.

Ibihugu vya Tanzaniya na Kenya vyakorotse ibibanza birenga 10 kuri urwo rutonde, Tanzaniya iza mu kibanza c’i 136 Kenya nayo ikaza mu kibanza c’i 102 inyuma yo gukoroka ibibanza14.

Igihugu c’Ubuganda caraduze ikibanza kimwe ubu kikaba kigira ica 70 kuri urwo rutonde. igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo naco caduze ibibanza 7 ubu kikagira ica 70 ku rutonde rwo kw’isi.

Mwomenya ko mu bihugu 20 vya mbere ku rutonde rw’isi ko ata kiva ku mugabane wa Afrika kirimwo.

Ibihugu 20 vya mbere kuri urwo rutonde ni : Bresil, Portugal, Argentine, Ububirigi, Pologne, Ubufaransa, Espagne, Chili, Perou, Ubuswise, Ubwongereza, Colombie, Wales, Ubutariyano, Mexique, Uruguay, Croatie, Danmark hamwe n’igihugu c’Ubuhorande.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.