IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwasezeye guhiganirwa kuja muri CHAN 2018

Uburundi bwasezeye guhiganirwa kuja muri CHAN 2018

dimanche 30 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu rukino rw’ugusubiriza rwabereye mu gisagara ca Obeid mu gihugu ca Soudan, Uburundi bwatsinzwe na Sudani igitsindo kimwe ku busa. Mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura, iyo mirwi yompi yari yanganije ubusa ku bundi.

Inyuma y’ukwo gutsindwa, Uburundi bwatakaje amahirwe y’ukubandanya ihiganwa ry’ukurondera itike ry’ukuzokwitaba iryo higanwa rya CHAN rizobera mu gihugu ca Kenya mu mwaka w’2018.

Abakinyi batanguye mu rukino ku ruhande rw’Uburundi ni : Nahimana Jonathan, Ndikumana Tresor, Harerimana Rashid Leon, Moussa Omar, Nshimirimana David, Youssuf Ndayishimiye, Gael Duhayindavyi, Franck Barirengako, Bimenyimana Bonfils Caleb, Ndarusanze Claude, hamwe na Nahimana Claude.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.