Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwatakaje ibibanza 9 ku rutonde rwa FIFA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwatakaje ibibanza 9 ku rutonde rwa FIFA

Uburundi bwatakaje ibibanza 9 ku rutonde rwa FIFA

jeudi 30 novembre 2017

Kur’urwo rutonde rw’ishirahamwe FIFA, Uburundi buza mu kibanza c’138, mu gihe mu kwezi guheze ico gihugu cari mu kibanza c’ 129.

Mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, igihugu c’Ubuganda kiza imbere kikaba kiri mu kibanza ca 74 kw’isi, kigakurikirwa n’igihugu ca Kenya mu kibanza c’111, igihugu cgatatu haza Urwanda ruri mu kibanza c’120 kw’isi, hagakurikira Uburundi mu kibanza c’138, mu gihe mu kibnza ca nyuma haza Tanzaniya iri mu kibanza c’142 kw’isi.

Muri Afrika igihugu kiza ubwa mbere ni Senegal kiri mu kibanza ca 23 kw’isi, kigakurikirwa na Misiri iza mu kibanza ca 31 kw’isi, mu kibanza ca gatatu haza igihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo iri mu kibanza ca 36 kw’isi.

Kur’urwo rutonde rwa FIFA, ikibanza ca mbere kw’isi gifiswe n’Ubudagi, mu kibanza ca kabiri haza igihugu ca Bresil, mu kibanza ca gatatu hari igihugu ca Portugal, mu gihe mu kibanza ca kane haza igihugu ca Argentine.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.