Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwatakaje ibibanza 9 ku rutonde rwa FIFA
Uburundi bwatakaje ibibanza 9 ku rutonde rwa FIFA
jeudi 30 novembre 2017
Kur’urwo rutonde rw’ishirahamwe FIFA, Uburundi buza mu kibanza c’138, mu gihe mu kwezi guheze ico gihugu cari mu kibanza c’ 129.
Mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, igihugu c’Ubuganda kiza imbere kikaba kiri mu kibanza ca 74 kw’isi, kigakurikirwa n’igihugu ca Kenya mu kibanza c’111, igihugu cgatatu haza Urwanda ruri mu kibanza c’120 kw’isi, hagakurikira Uburundi mu kibanza c’138, mu gihe mu kibnza ca nyuma haza Tanzaniya iri mu kibanza c’142 kw’isi.
Muri Afrika igihugu kiza ubwa mbere ni Senegal kiri mu kibanza ca 23 kw’isi, kigakurikirwa na Misiri iza mu kibanza ca 31 kw’isi, mu kibanza ca gatatu haza igihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo iri mu kibanza ca 36 kw’isi.
Kur’urwo rutonde rwa FIFA, ikibanza ca mbere kw’isi gifiswe n’Ubudagi, mu kibanza ca kabiri haza igihugu ca Bresil, mu kibanza ca gatatu hari igihugu ca Portugal, mu gihe mu kibanza ca kane haza igihugu ca Argentine.
MUGISHA Van Naris