Ubwongereza : Umugwi West Ham waronse umumenyereza mushasha

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 7 novembre 2017 saa 12:29
Yasomwe : 2286
0 0

Umumenyereza David Moyes niwe agiye kumenyereza umugwi wa West Ham inyuma yaho uwahora amenyereza uyo mugwi Slaven Bilic yirukanywe murayo mabanga kuko uyo mugwi vyitezwe ko ushobora kumanuka mu cicaro ca kabiri umwanya wariwo wose.

Umumenyereza David Moyes yaramaze ikiringo c’amezi 5 ata mugwi numwe amenyereza inyuma yaho atanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza umugwi wa Sunderland mu kwezi kwa rusama 2017.

David Moyes yatanze imihoho inyuma yaho uyo mugwi wa Sunderland yahora amenyereza umanutse ukaja mu cicaro ca 2.

David Moyes afise imyaka 54 akaba avuka mu gihugu ca Ecosse akaba amaze kumenyereza imigwi itari mike yo mu gihugu c’Ubwongereza nka Everton hamwe na Machester United.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha