Ubwongereza : Umurwi Arsenal waronse umumenyereza mushasha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 mai 2018 saa 11:06
8325
0 0

Umurwi Arsenal ukina mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubwongereza, waronse umumenyereza mushasha, Emery Unai yahora amenyereza umurwi wa Paris Saint Germain mu gihugu c’Ubufaransa.

Emery Unai yinjiye ku mugaragarao mu banga yo kumenyereza umurwi wa Arsenal, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Rusama 2018, asubiriye umumenyereza Arsene Wenger yari amaze imyaka 22 amenyereza umurwi wa Arsenal.

Mw’ijambo yashikirije, Emery Unani yavuze ko, ari umunezero kuba agiye gusubirira Arsene Wenger, mu kumenyereza umurwi ukomeye, ufise ikibuga kinini, kandi ufise n’ubuhinga mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Yavuze ko agiye gukoresha inguvu kugira asigurire abakunzi b’umurwi Arsenal ivyiyumviro vyiwe n’ivyipfuzo, kandi ko anezerewe no gushika mu murwiwa Arsenal, yongera ashimira uwo agiye gusubirira Arsene Wenger.

Emery Unai yatwaye ibikombe indwi mu gihugu c’Ubufaransa, mu myaka ibiri yari amaze amenyereza umurwi Paris Saint Germain.


Kumenyekanisha

1
pepe 26-05-2018 à 11:13

Oye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha