IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubwongereza : Umurwi wa West Ham waronse umumenyereza mushasha

Ubwongereza : Umurwi wa West Ham waronse umumenyereza mushasha

mardi 22 mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Manuel Pellegrini yashize umukono ku masezerano ya nyuma yo kumenyereza umurwi wa West Ha, ku munsi wa mbere avuye mu gihugu c’Ubushinwa aho yahora amenyereza umurwi wa Hebei China Fortune

Ubuyobozi bw’umurwi wa West Ham bwizeye ko umumenyereza mushasha w’uyo murwi Manuel Pellegrini azohindura ibitari bike mur’ uyo murwi mu kiringo c’imyaka 3 agiye kuwurongora kuko yatahukanye igikombe co mu gihugu c’Ubwongereza “Premier League “ mu mwaka wa 2014 igihe yamenyereza umurwi wa Manchester City.

Manuel Pellegrini asubiriye David Moyes yahora amenyereza West Ham kuva muri Munyonyo umwaka uheze wa 2017.

Manuel Pellegrini w’imyaka 64 avuka mu gihugu ca Chili, ku mugabane wa Amerika yo mu Bumanuko, akaba yarabaye umukinyi rurangiranwa w’ico gihugu mu nyuma aba umumenyereza guhera mu mwaka wa 2013, imwe mu mirwi amaze kumenyereza hakaba harimwo umurwi wa Manchester City.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.