IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umuhagarikizi w’umurundi yashizwe k’urutonde rw’abazohagarikira CHAN (...)

Umuhagarikizi w’umurundi yashizwe k’urutonde rw’abazohagarikira CHAN 2018

samedi 16 décembre 2017

Abo bahagarikizi bagizwe n’abahagarikizi 16 bo hagati mu kibuga hamwe n’abahagarikizi 16 bo ku mpande z’ikibuga.

Abahagarikizi bo hagati mu kibuga ni Ndabihawenimana Pacifique (Burundi) , Ghobal Moustapha (Algerie), Martins de Carvalho (Angola), Coulibaly Abou (Côte d’Ivoire), Ibrahim Nour El Din (Misiri), BamlakTesema (Ethiopie), Daniel Nii Ayi Laryea (Ghana), Nampiandraza Hamada (Madagascar), Keita Mahamadou (Mali), Noureddine El Jaafari (Maroc), Jackson Pavaza (Namibie), Jean Jacque Ndala (RDC), Hakizimana Louis (Rwanda), Ndiaye Maguette (Senegal), Gomes Victor Miguel (Afirika y’Epfo) na Sadok Selmi wo muri Tunisie.

Abahagarikizi bo ku mpande ni Mokrane Gourari (Algerie), Seydou Tiama (Burkina Faso), Elvis Noupoue (Cameroun), Soulaiman Amaldine (Iles Comores), Steven Danilek M Moyo (Congo), Mahmoud A.K Abouel Regal (Misiri), Berhe Tesfagiorghis (Erythree), Sidiki Sidibe (Guinee),Gilbert Cheruiyot (Kenya), Souru Phatsoane (Lesotho), Amsaaed Attia (Libye), Moriba Diakite (Mali),Azgaou Lahsen (Maroc),Arsenio Chadreque Maringule (Mozambique), Ibrahim Mohammed Abdallah (Sudani) na Melloulchi Yamen (Tunisie).

Ihiganwa rya CHAN rihuza abakinyi bakinira mu bihugu vyabo ku mugane wa Afirika ,CHAN yo mwuka wa 2018 rizoba kuva kw’igenekerezo rya 12 Nzero 2018,urukino rwa nyuma rugategekanywa kuba kw’igenekerezo rya 4 ruhuhuma 2018.

Igihugu c’Uburundi nticaronse amahirwe yo kwitaba iryo higanwa kikaba kimaze kwitaba izi nkino ku ncuro imwe gusa mu mwaka wa 2014 inkino zabereye mu gihugu ca Afirika y’Epfo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.