IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umuhagarikizi w’umurundi yatowe mu bazohagarikira inkino z’igikombe (...)

Umuhagarikizi w’umurundi yatowe mu bazohagarikira inkino z’igikombe c’isi

vendredi 30 mars 2018

Umurwi w’abahagarikizi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, wamenyesheje ko abahagarikizi bo hagati 36, hamwe n’abahagarikizi 63 bafasha abo hagati, aribo bazohagarikira inkino mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi.

Jean Claude BIRUMUSHAHU yararonse akaryo ko gukurikirana inyigisho mu bijanye no guhuza abakinyi, gukingira abakinyi, ishusho y’urukino rw’umupira w’amaguru, ibijanye no gufata ingingo, gusoma ubihinga buri mu rukino no gutahura inyifato y’abakinyi, mu ntumbero yo gutegurira abahagarikizi inkino z’igikombe c’isi.

Naho yamaze gutorwa kugira abe mu bahagarikizi b’inkino z’igikombe c’isi, Jean Claude BIRUMUSHAHU azokwitaba kandi inyigisho zizobera ku kigo c’ubuhinga c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Butariyano.

JPEG - 36.8 ko
Jean Claude BIRUMUSHAHU (i buryo), yambaye umupira usa n’ubururu

Jean Claude BIRUMUSHAHU yari amaze guhagarikira izindi nkino mpuzamakungu, nk’igikombe c’isi cabereye mu gihugu ca Bresil, hamwe n’izihuza imirwi nserukirabihugu ku mugabane wa Afrika.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.