IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Christiano Ronaldo yagirizwa kutariha ikori

Umukinyi Christiano Ronaldo yagirizwa kutariha ikori

mercredi 14 Ruheshi 2017

Umukinyi Christiano Ronaldo ava mu gihugu ca Portugal, akinira umurwi wa Real madrid yagirizwa kutariha amakori angana n’imiriyoni 14.7 z’amafaranga y’abanyaburaya kuva mu mwaka wa 2011 gushika mu mwaka wa 2014.

Mu minsi iheze, Christiano Ronaldo yavuze ko ata bwoba afise kuvyo yagirizwa, kuko ata na kimwe yanyegeje mu bijanye n’amafaranga yinjiza, naho yemeza ko hari amwe mu mashirahamwe anyegeza amahera yaronse avuye mu kugurisha amafoto yiwe.

Christiano Ronaldo niwe mukinyi wa mbere ahembwa amafaranga menshi kw’isi mu banonotsi, akaba n’uwa mbere yinjije amafaranga menshi muri mwaka w’2016, mu bikorwa yaranguye.

Mu mwaka uheze, umukinyi Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelona mu gihugu ca Portugal nawe yaragirijwe kuba hari amakori atarishe ku mafaranga yinjiza biciye mu bikorwa vyo kumenyekanisha bakoresheje amafoto yiwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.