Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Neymar Junior yasezeye umurwi FC Barcelone
Umukinyi Neymar Junior yasezeye umurwi FC Barcelone
mercredi 2 Myandagaro 2017
Mu gatondo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 2 Myandagaro 2017, niho ivyari bimaze iminsi bifatwa nk’ibihuha vyaja ahabona, ko umukinyi Neymar Junior atakiri umukinyi w’umurwi FC Barcelona.
Umuvugizi w’umurwi FC Barcelone yavuze ko Neymar yaje mu myimenyerezo nk’abandi bakinyi, ariko inyuma y’iminota mike aca asaba ko yosohoka ikibuga, nawe aramureka.
Ikinyamakuru Sport kimenyesha ko umukinyi Neymar abaye umukinyi wa mbere aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru kw’isi ku mafaranga imiriyoni 222 z’amafaranga y’abanyaburaya.
Ikinyamakuru Sport kimenyesha kandi ko abakinyi bakinana mu murwi FC Barcelona bagerageje kumwumvisha ko yoguma mu murwi ariko biba impfagusa.

Neymar w’imyaka 25 yatanguye gukina mu murwi wa Santos mu gihugu ca Bresil, imbere y’uko aza gukina mu murwi FC Barcelone mu mwaka wa 2013.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 Myandagaro 2017, 12:12, par Ndayishimiye Ally
nagend Paul Dibara Arahari ,kariyeri Za Bresil Nuko Zihera.Example Ronardiny Kaka,naw Niyigumur
3 Myandagaro 2017, 21:15, par Barutwanayo Rachid Butaha
nagend Nakare Barca yamwishimako
3 Myandagaro 2017, 21:23, par NDUWAYO EMMANUEL
niyigir nakare niw yitanga mwirya ekip ya barca nayo dibala ugira azohekenyera mess nka neymar
4 Myandagaro 2017, 19:25, par mpawenimana egide
nibamureke yigire kuko ayo mahera nimenshi.kuko nkuwoyampa jew egide noca ngura amarobe abiri ninyama yingurube muminago
7 Myandagaro 2017, 18:17, par manirakiza epimen
azomera nka bravo ko yivumuye
9 Myandagaro 2017, 23:20, par Nestor Ndagijimana
nkajew nestor muruhand rwiwanj numva barca yokwihangana kuk neymar murundi yirondera life amafaranga nkay ntawoyagi$ha nabo bamubwira ngo asubiremw nukberera ataribo baguz nabo ntiboyagisha rero nibirwanek ndabivuz sindabiriye
11 Myandagaro 2017, 19:29, par Calixte Nkurunziza
ndababaye Mugabo Sicane Kuko Ngiye Gukina Mukibanza Yahora Akinamwo
24 Myandagaro 2017, 22:28, par nzeyimana emmanuel
ndabayecane iyo akaba agiye muri rear nkiyo akajayo ndaryoherwa nukuru kimwe fana rear