Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Robinho yaciriwe umunyororo w’imyaka icenda
Umukinyi Robinho yaciriwe umunyororo w’imyaka icenda
vendredi 24 Munyonyo 2017, par
Ukwo gushurashuza mu kivunga umwigeme Robinho yagirizwa ko yabikoze mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2013, uwo mukinyi aho yakinira umugwi wa Milan AC mu Butariyano. Yagirizwa ko yashurashuje uwo mwigeme ari kumwe n’abagenzi biwe, umwigeme akomoka mu gihugu ca Albanie.
- Robinho yahoze akinira Real Madrid mu gihugu ca Espagne
Nk’ukwo ikinyamakuru "Corriere della Serra" kibivuga, Robinho ari kumwe n’abagenzi biwe batanu boba banywesheje inzoga uwo mwigeme gushika naho atakaza ubwenge adashobora kwigwanira. Bagirizwa ko boba baciye bamushurashuza bamuhanahana.
Amaze kwumva ivyavuye mu rubanza, Robinho w’imyaka 33 yaciye atanga ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram hamwe na Facebook asigura ko ivyo yagirizwa ari ikinyoma, nk’uko yari yisiguye igihe urwo rubanza rwatangura kuja ahabona mu mwaka wa 2014.
Ubutungane bw’Ubutariyano bwoba buriko butegura kumushikana mu gihugu c’Ubutaliyano, mu gihe asanzwe akinira umugwi wa Atletico Mineiro mu gihugu ca Brésil.
- Umusatirizi Robinho ubu akinira umugwi wa Atletico Mineiro mu gihugu ca Brésil
Ubutungane bwongeye busaba indishi y’akababaro igera ku miriyoni 60 z’amanyaburaya izohabwa uwo mwigeme.
Robinho akaba yari amaze gupfungwa umwanya muto yagirizwa gufata ku nguvu umwigeme mu nzu y’ubutambiro mu gisagara ca Leeds mu gihugu c’Ubwongereza mu mwaka wa 2009.
- Robinho yarakiniye umurwi wa Milan AC mu gihugu c’Ubutariyano
Pacifique BUKURU