IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Robinho yaciriwe umunyororo w’imyaka icenda

Umukinyi Robinho yaciriwe umunyororo w’imyaka icenda

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Ukwo gushurashuza mu kivunga umwigeme Robinho yagirizwa ko yabikoze mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2013, uwo mukinyi aho yakinira umugwi wa Milan AC mu Butariyano. Yagirizwa ko yashurashuje uwo mwigeme ari kumwe n’abagenzi biwe, umwigeme akomoka mu gihugu ca Albanie.

JPEG - 10 ko
Robinho yahoze akinira Real Madrid mu gihugu ca Espagne

Nk’ukwo ikinyamakuru "Corriere della Serra" kibivuga, Robinho ari kumwe n’abagenzi biwe batanu boba banywesheje inzoga uwo mwigeme gushika naho atakaza ubwenge adashobora kwigwanira. Bagirizwa ko boba baciye bamushurashuza bamuhanahana.

Amaze kwumva ivyavuye mu rubanza, Robinho w’imyaka 33 yaciye atanga ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram hamwe na Facebook asigura ko ivyo yagirizwa ari ikinyoma, nk’uko yari yisiguye igihe urwo rubanza rwatangura kuja ahabona mu mwaka wa 2014.

Ubutungane bw’Ubutariyano bwoba buriko butegura kumushikana mu gihugu c’Ubutaliyano, mu gihe asanzwe akinira umugwi wa Atletico Mineiro mu gihugu ca Brésil.

JPEG - 35.7 ko
Umusatirizi Robinho ubu akinira umugwi wa Atletico Mineiro mu gihugu ca Brésil

Ubutungane bwongeye busaba indishi y’akababaro igera ku miriyoni 60 z’amanyaburaya izohabwa uwo mwigeme.

Robinho akaba yari amaze gupfungwa umwanya muto yagirizwa gufata ku nguvu umwigeme mu nzu y’ubutambiro mu gisagara ca Leeds mu gihugu c’Ubwongereza mu mwaka wa 2009.

JPEG - 9.4 ko
Robinho yarakiniye umurwi wa Milan AC mu gihugu c’Ubutariyano

Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.