IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi afise amamuko mu Burundi agiye gukinira umurwi Manchester (...)

Umukinyi afise amamuko mu Burundi agiye gukinira umurwi Manchester United

mardi 4 Mukakaro 2017

Amakuru dukesha ikinyamakuru sofoot.com amenyesha ko Largie Ramazani w’imyaka 16 yaciye mu murwi wa Aderlecht mu gihugu c’Ububirigi ari naho yigiye urukino rw’umupira w’amaguru.

Largie Ramazani azotangura gukinira umurwi w’abana kuko agifise imyaka 16,ariko inyuma y’umwaka azoca aduzwa gukina mu murwi w’abakinyi bafise imyaka 17.

Ikinyamakuru sofoot.com kimenyesha ko ibinyamakuru mu gihugu c’Ububirigi bifata Largie Ramazani nk’uwubica bigacika mu runganwe rwiwe.

Largie Ramazani yavutse mu mwaka wa 2001,yararondewe kandi n’imirwi ya Chelsea, Arsenal, Fulham, West Ham, Tottenham, Manchester City na Brighton.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.