Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika "CAF" yashitse i (...)
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika "CAF" yashitse i Bujumbura
dimanche 29 Ndamukiza 2018, par
Ahmad Ahmad yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB), Reveriyano NDIKURIYO.

Imbere y’uko yerekeza mu ntara ya Gitega ahabera urukino rwa nyuma ruhuza Tanzaniya na Somaliya, Ahmad Ahmad abanza kwakirwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, igihe c’isaha zitanu n’iminota 30.

Tubibutse ko mu barorerezi b’iteka bazoba bari ku kibuga citiriwe INGOMA kiri mu ntara ya Gitega ahabera urwo rukino rwa nyuma, harimwo umukuru w’igihugu ca Somaliya ashika nawe nyene i Bujumbura kuri uwu w’Imana.
Egide NDUWIMANA
Messages
4 Rusama 2018, 21:09, par Bernard Twagirayezu
Murakoze Kuja Muduha Amakuru