IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukuru wa FFB yakeje umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka (...)

Umukuru wa FFB yakeje umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20

lundi 21 mai 2018

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Reveriyano NDIKURIYO arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, amenyesha ko bakeje bimwe bivuye ku mutima umurwi Intamba mu Rugamba ku ntsinzi baronkeye mu gihugu ca Sudani.

Yanditse agira ati :« Twashaka kuri Uyu mwanya dukeze Bimwe bivuye ku mutima Intamba mu Rugamba U20 ku ntsinzi zironse mu gutsindira umurwi w’Igihugu ca Soudan Iwabo ibitsindo bibiri ku busa mugihe bari banganirije ngaha iwacu kimwe ku kindi. N’iteka k’igihugu Kandi ku bakinyi Bose. »

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yipfurije kandi abakinyi kuganuka amarembe.

Umurwi nserukiragihugu w ‘Uburundi w’abakinyi batarenza imyaka 20, watsindiye umurwi wa Sudani I Karthoum ibitsindo bibiri ku busa, mu gihe mu rukino rwo gutangura rwabereye I Ngozi bari banganije igitsindo kimwe ku kindi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.