Umumenyereza w’Uburundi yamenyesheje icatumye batsinda umurwi wa Afrika y’epfo

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 6 Munyonyo 2017 saa 05:12
Yasomwe : 13455
0 0

Mu gihe Umugwi nserukiragihugu w’abigeme mu mupira w’amaguru watsinze ku munsi wa gatandatu umugwi Bayana Bayana userukira Afrika y’epfo, ibitsindo 2 ku busa, umumenyereza w’umurwi w’Uburundi avuga ko kwitwararika urukino hamwe n’imyiteguro ihagije, arvyo vyatumye abarundikazi batsinda urukino.

Nk’uko umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Danielle NIYIBIMENYA abimenyesha, intsinzi mu rukino rwabahuje na Afrika y’epfo yavuye mu kwitwararika urukino hamwe n’imyiteguro ihagije bagize imbere y’uko urukino ruba.

Danielle avuga ati : «Intsinzi yacu yavuye mw’ishaka no kwitwararika urukino mu kwitegura bimwe bishimishije».

Arongera akavuga ati : «Umurwi wa Afrika y’epfo waje gukina wizigiye gutahukana intsinzi, mugabo basanze natwe twiteguye na cane cane mu mitwe. Abakinyi ntibatwawe n’ubwoba bw’izina ry’umugwi. Twarakoresheje cane mu mwiteguro amasanamu y’inkino zabo, twari twabonye ko bafise ubuhinga n’inguvu zo gutera imipira ya kure, duca turagikorerako kugira ntidusatigwe».

Mu kwitegurira inkino ziri imbere, umumenyereza Danielle amenyesha ko ariko arakomeza imyimenyerezo yo kugwiza inguvu no kutaruha kare.

«Turafise agahaze mu bijanye n’inguvu z’abakinyi hamwe no kuruha urukino rutarahera. Turiko turakora cane kugira mu nkino zizokurikira abakinyi bazobe bameze neza mumpande zose».

Twomenyesha ko urukino rw’ugusubiriza rutegekanijwe mu ndwi 2 mu gihugu ca Afrika y’epfo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha