Umumenyereza w’umurundi Masoud Djuma ashora guhindura umurwi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 Ruheshi 2017 saa 04:51
Yasomwe : 9837
0 0

Umumenyereza w’umurundi Masoud Djuma amenyereza umurwi Rayon Sport ari mu bamenyereza bashobora guhindura umurwi bakaja gusubirira umumenyereza Ivan Minnaert yahora amenyereza umurwi Mukura VS wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda.

Mu gihe Masoud Djuma yoba ariwe ashimwa n’Umurwi Mukura VS, uwo murwi usabwa kugura amasezerano y’imyaka ibiri yari asigaranye mu murwi wa Rayon Sport.

Umunyamabanga Mukuru wa Mukura VS, Niyobuhungiro Fidel, yamenyesheje ko gushika ubu ata mumenyereza n’umwe baravugana ku bijanye no kuja kumenyereza umurwi, ariko azomenyekana vuba.

Umumenyereza Masoud Djuma aheruka gufasha umurwi Rayon Sport gutwara igikombe c’ihiganwa ry’Urwanda naho nyene mu minsi ya nyuma yahagaritswe kumenyereza ikiringo c’indwi imwe.

Umumenyereza Ivan Minnaert yari amaze amezi atanu amenyereza Mukura VS agiye kumenyereza umurwi AS Kaloum Star wo mu gihugu ca Guinee Conakry.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha