IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 yizeye gushikana (...)

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 yizeye gushikana umurwi muri CAN

jeudi 29 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ntwarante 2018, umunsi umwe imbere y’uko umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 ufata urugendo ruwushikana mu gihugu ca Etiyopiya, Joslin BIPFUBUSA yavuze ko umurwi nserukiragihugu wifashe neza, kandi ko abakinyi bose bakomeye ata ngorane bafise.

Joslin BIPFUBUSA yavuze ko mu murwi nserukiragihugu bafise ihangiro ryo gushika mu mahiganwa y’imirwi nserukiragihugu y’abatarenza imyaka 20, kandi ko bafise icizere gifise aho gishingiye.

Ati : « Naho bishika bikanka, dufise ihangiro dufise ihangiro ryo gushikana umurwi mu mahiganwa ahuza imirwi nserukirabihugu y’abatarenza imyaka 20. Turavye abakinyi n’imyiteguro, turizeye kubishikako. »

JPEG - 171.7 ko
BIPFUBUSA Joslin, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20

Ku kibazo co kumenya amakenga ya bamwe ko hoba hari abakinyi batumiye mu murwi nserukiragihugu barengeje imyaka, Joslin BIPFUBUSA asigura ko bamwe bose bafise uburenganzira bwo kuvuga, ariko ko bobo bakoresheje impapuro zikoreshwa n’abakinyi mu ngendo ari nk’impapuro z’inzira canke ikarata karangamuntu.

Mu ntumbero yo kwitegurira urwo rukino n’umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya w’abatarenza imyaka 20, umurwi nserukiragihugu w’abakinyi batarenza imyaka 20, warakinye inkino za kivandimwe na Messager Ngozi hamwe na Musongati FC w’I Gitega.

Mu rukino na Messager Ngozi rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2018, umurwi Messager Ngozi watsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu gihe mu rukino rwo kuw’Imana umurwi mserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, watsinze Musongati FC, ibitsindo bibi k’ubusa.

Bitegekanijwe ko umurwi nserukiragihugu ufata indege kur’uno wa kane igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018, isaha icumi n’imwe n’iminota 25.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.