IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Sudani : Abakinyi 11 b’Intamba mu rugamba bashobora gutangura mu (...)

Burundi - Sudani : Abakinyi 11 b’Intamba mu rugamba bashobora gutangura mu kibuga

vendredi 9 Ruheshi 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017, imbere y’amasaha make kugira urukino rube, yamenyesheje ko abakinyi bashbra kuzotangura mu kibuga mu gihe atacohinduka ari :

1. Jonathan Nahimana(Umunyegori)

Ku ruhande rw’inyuma hazokina:

2. Moussa Omar,
3. Frédéric Nsabiyumva,
4. Rashid Léon Harerimana,
5. Karim Nizigiyimana,

Hagati hazokina:

6. Pierre Kwizera,
7. Gael Duhayindavyi,
8. Shassir Nahimana,

Abasatirizi :

9. Fiston Abdul Razzak,
10. Selemani Ndikumana,
11. Cedric Amissi

Abashobora gusubirira abandi ni:

Yvan Rugumandiye, David Nshimirimana, Trésor Ndikumana, Laudit Mavugo, Claude Ndarusanze, Claude Nahimana, na Dany Cedric Urasenga.

Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO amenyesha ko umurwi wa Sudani y’Ubumanuko atari umurwi woroshe, ariko ko bizeye intsinzi kuko biteguye neza kandi abakinyi bose bameze neza.

Yaba umumenyereza canke kizigenza w’umurwi Yamin Seleman NDIKUMANA, basaba abarundi bose kuza gushigikira umurwi nserukiragihugu, atari gushigikira umukinyi umwe ku gatwe kiwe, kuko bazoba bariko bakina kugira batere iteka igihugu c’Uburundi.

Urukino ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017, isaha icenda z’umuhingamo ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Mu gihe Uburundi bwotsinda urwo rukino, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryemereye umukinyi wese amafaranga agera ku muriyoni w’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.