"Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI yari intwari mu kazi"

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 27 juin 2017 saa 04:04
Yasomwe : 8532
0 0

Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI w’ikinyamakuru “UBUMWE“ yitavye Imana kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 ruheshi umwaka wa 2017.

Umuyobozi w’ikinyamakuru “ UBUMWE “ Donatien NSABIYUMVA mu kiganiro yahaye ikinyamakuru “ IGIHE “ yamenyesheje ko umumenyeshamakuru TIGIRI Therence yari umukozi abushitse arangwa n’ubwira hamwe n’umwete mu kazi kiwe.

Donatien NSABIYUMVA yavuze ati : “Aho ari mu kazi kiwe wasanga hari umunezero n’akanyamuneza kuko yaremesha abandi mu bikorwa.

Muvyo yari asanzwe arangura mu bikorwa vyo mu kazi ka minsi yose, Donatien NSABIYUMVA yavuze ko kubera uburambe mu kazi, TIGIRI Therence yari afise, yari mu bafasha kumenyereza akazi abandi.

JPEG - 39.8 ko
Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI w’ikinyamakuru “UBUMWE“

Donatien NSABIYUMVA yavuze ati : “ Tubuze umumenyeshamakuru w’intwari .

Umumenyeshamakuru Therence TIGIRI yavukiye ku musozi Munanira, muri Komine BISORO, mu ntara ya Mwaro, mu mwaka w’i 1962 akaba asize umupfasoni n’abana 4.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha