Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umunyafrika Mohamed Salah yahawe agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka
Umunyafrika Mohamed Salah yahawe agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka
lundi 23 avril 2018
Mohamed Salah w’imyaka 25, yiyerekanye cane mu gihugu c’Ubwongereza, yatsindiye umurwi wiwe Liverpool ibitsindo 31, bituma atorwa n’abakinyi bagenziwe nk’umukinyi yigenjeje neza.
Uwo mukinyi ava mu gihugu ca Misiri, abaye umukinyi wa kabiri ava ku mugabane wa Afrika aronse ako gashimwe, inyuma ya Riyad Mahrez ava mu gihugu ca Alijeriya yagahawe mu mwaka wa 2016.
Mu gihe Mohamed Salah yabaye uwa mbere, umubirigi Kevin De Bruyne yafashije umurwi Manchester City gutwara igikombe c’ihiganwa ry’Ubwongereza yatwaye ikibanza ca kabiri, mu kibanza ca gatatu haza umusatirizi wa Tottenham Harry Kane.

Abandi bakinyi bahawe agashimwe, ni umusatirizi wa Manchester City, Leroy Sane, yatowe nk’umukinyi mwiza akiri muto.
Mohamed Salah yatowe kandi nk’umukinyi mwiza w’umwaka ku mugabane wa Afrika, aracafise amahirwe yo gutorwa nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, hamwe n’umukinyi mwiza yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino mu Bwongereza.
MUGISHA Van Naris