Umurwi FC Barcelone waronse umumenyereza mushasha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 Rusama 2017 saa 10:12
Yasomwe : 7353
0 0

Umurwi wa FC Barcelone wo mu gihugu ca Espagne,ufise umumenyereza mushasha yaje gusubirira umumenyereza Luis Enrique kuva kuwa mbere igenekerezo rya 29 Rusama,umwaka wa 2017.

Naho yakinye umupira w’amaguru ku rwego rwo hejuru, umumenyereza mushasha wa FC Barcelone Ernesto Valverde ntazwi cane mu bamenyereza ba rurangiranwa ku mugabane wa Buraya.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru,umuyobozi w’umurwi FC Barcelone Josep Maria Bartomeu yavuze ko Ernesto Valverde afise ubumenyi n’uburambe kandi akunda abakinyi bakiri bato.

Josep Maria Bartomeu arongoye umurwi FC Barcelone yavuze ko imikenyuro akinisha ariyo y’umurwi wa FC Barcelone, kandi ko uko ashaka ishusho y’umurwi wa FC Barcelone ariko abarongozi b’umurwi bashaka ko umurwi umera.

Ku myaka 53 y’amavuko, Ernesto Valverde yaraciye mu mirwi ya Bilbao, Valence, Villarreal, l’Olympiakos Le Pirée hamwe Espanyol Barcelona.

JPEG - 6.1 ko
Luis Enrique yahora amenyereza umurwi FC Barcelone

Ernesto Valverde asubiriye umumenyereza Luis Enrique ahagaritse kumenyereza umurwi wa FC Barcelone awufashije kuronka ibikombe 9 mu mahiganwa atandukanye umurwi FC Barcelone wakinye.


Kumenyekanisha

1
Jean Marie 4-06-2017 à 19:54

Twebwe Abafana Ba Barce Turanezerewe Kubna Cocher Bamuhnduye Cane Gose

2
FELIX 2-06-2017 à 12:38

TURAMUSHIMYE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha