Umurwi LLBS4 Africa wasezeye ihiganwa utsinzwe na Rayon Sport

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 February 2018 saa 08:22
17040
0 0

Umurwi Rayon Sport wo mu Rwanda uhejeje gusezerera umurwi Lydia Ludic Burundi Sport For Afrika wo mu Burundi mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Afrika CAF Total Champions League, uwutsinze igitsindo kimwe ku busa.

Imbere y’abarorerezi isinzi b’abarundi n’abavuye mu gihugu c’Urwanda, urukino rwatanguye isaha icenda z’umuhingamo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Kuva mu ntango z’urukino, abakinyi b’imirwi yose berekanye ko bakeneye intsinzi, gukira babandanye ihiganwa, mbere uko iminota yigirwa imbere amahirwe yo kuronka ibitsindo ku mpande zose yagumye aboneka.

Ku munota wa 30 w’urukino, niho umukinyi wa Rayon Sport asanzwe avuka mu gihugu c’Uburundi, Shabani Hussein Chabalala yinjiza igitsindo c’umurwi Rayon Sport, ku mupira yari ahawe na Shassir NAHIMANA, uwundi mukinyi ava mu Burundi. Igice ca mbere c’urukino caheze ari igitsindo kimwe ca Rayon Sport ku busa bwa LLBS4 Africa.

Mu gice ca kabiri c’urukino, abakinyi ba LLBS4 Africa baje bafise ishaka ryinshi ryo kuronka igitsindo, barasatira cane umunyezamu Eric BAKAME, ariko ntibashoboye kuronka igitsindo.

Urukino rwarangiye ku ntsinzi ya Rayon Sport wo mu Rwanda, ku gitsindo kimwe ku busa.

Umumenyereza wa LLBS4 Africa, BANKUWIHA Emmanuel batazira Mayele, yavuze ko gutsindwa kw’umurwi amenyereza kwatumwe n’uko abakinyi biwe baje mu rukino,ata shaka ryo kuronka intsinzi bafise.

JPEG - 154 kb
BANKUWIHA Emmanuel , umumentereza wa LLBS 4 Africa

Ati: «Gutsindwa kw’umurwi wacu, kwavuye k’ukubura ugushaka ku bakinyi, kutagendera ku mpanuro nabahaye, no kumenya ico twaje kurondera.»

Mayele yavuze ko ivyo yasavye abakinyi atarivyo bakoze, kuko imikenyuro yose yari yababwiye ata n’umwe bashize mu ngiro, akavuga ko adatahura uko batsinzwe urukino ku kibuga cabo,kandi mu gihugu c’Urwanda mu rukino rwo gutangura bari bigenjeje neza.

Ku rundi ruhande, Olivier KAREKEZI, umUmenyereza w’umurwi Rayon Sport yavuze ko intsinzi baronse bayikesha ukwitanga kw’abakinyi, kandi ko bari baje bafise intumbero yo gutsinda urukino.

Karekezi arashima ariko umurwi wa LLBS4 Africa , akavuga ko ari umurwi mwiza ukina urukino rwiza, ko rero bagiye gushira n’inguvu nyinshi mu gutegura inkino zikurikira.

JPEG - 148 kb
Olivier KAREKEZI,umumenyereza w’umurwi Rayon Sport

Yavuze ati: «Twaje gukina dukeneye intsinzi, nico gituma dutsinze. Umurwi LLBS4 Africa naho tuwutsinze, ni umurwi mwiza, ukina neza. Muri rusangi uburundi bufise abakinyi beza

JPEG - 152.3 kb
KWIZERA Pierrot, yari kizigenza mu rukino

Kizigenza w’umurwi Rayon Sport mu rukino rwo kur’uyu wa gatatu KWIZERA Pierrot, yavuze ko kuba batsinze urukino, barushije umurwi LLBS4 Africa uburambe no kumenyera amahiganwa, aca abasaba ko bobandanya kwitegura no kwimenyereza cane.

Mu rukino rwa mbere rwabereye mu gihugu c’Urwanda, umurwi LLBS4 Africa wari wanganije n’umurwi Rayon Sport igitsindo kimwe ku kindi, igitsindo ca Rayon Sport kikaba cinjijwe na Hussein Shabani Chabalala.

JPEG - 144.5 kb
Eric BAKAME,umunyezamu wa Rayon Sport

Umurwi Rayon Sport uzoca ukina na Mamerody Sandows wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

JPEG - 153.2 kb
Hussein Chabalala, yinjije igitsindo
JPEG - 164.2 kb
Umunezero niwo waranga abakinyi ba Rayon Sport
JPEG - 158.9 kb
Abakunzi b’umurwi Rayon Sport

Kumenyekanisha

1
flavien 23-02-2018 à 13:54

ntkundi twihmgne ntidutsinZweho burundi bwanyaburunga

2
Murenzi 21-02-2018 à 21:42

Ooh rayon Asante sana

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha