IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Olympic Star wakuye mw’ihiganwa Etoile Filante uwutsindiye ku kibuga (...)

Umurwi Olympic Star wakuye mw’ihiganwa Etoile Filante uwutsindiye ku kibuga cawo

jeudi 22 février 2018

Igitsindi c’umurwi Olympic Star cinjijwe n’umukinyi Slim Saidi, mu rukino rwabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Burkina Faso, I Ouagadougou.

Mu rukino rwo gutangura rwabereye I Bujumbura, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, umurwi Olympic Star w’I Muyinga wari wanganije n’umurwi Etoile Filante ubusa k’ubundi.

Mu gihe umurwi wa Olympic Star wariko utsindira iwabo umurwi Etoile Filante, umurwi LLBS4 Africa wariko utsindirwa ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, igitsindo kimwe ku busa n’umurwi Rayon Sport wo mu gihugu c’Urwanda.

Umurwi Rayon Sport ukaba uzoca ubandanya inkino, aho uzoca ukina n’umurwi Mamelody Sandows wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.