Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Olympic Star watanguye imyimenyerezo mu gisagara ca Bujumbura
Umurwi Olympic Star watanguye imyimenyerezo mu gisagara ca Bujumbura
mardi 6 février 2018
Aho abakinyi bari mu mwiherero (local), kuri Centre technique, imyiteguro ni yose mu kibuga hamwe n’impanuro z’uko bazokwigenza mu rukino.Imyimenyerezo irabera kandi no ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho n’umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola amaze kuhishikira kugira abatekerere impanuro n’ubuhinga butandukanye.
Mu kwitegurira urwo rukino, Olympic Star iriko igira imyimenyerezo ifise abakinyi 25 ;
Abo nabo ni :
1. Watulasubi Lucien
2. Juma Haruna
3. Wilondja Ibrahim
4. Mudasir Iddy
5. Muhuza Patient
6. Mwenebantu John Azor
7. Mbazumutima Baba
8. Barisize Nassor
9. Kamango Tally Tablir
10. Hakizimana Arnaud
11. Lomeya Magloire
12. Pascal Ramadhani
13. Slim Saidi
14. Sibomana Abdoul
15. Kabura Christian
16. Junior Hassa
17. Juma SImpo
18. Bizimungu Issa
19. Girukwishaka Fabrice
20. Ndinda Alain Jupin
21. Nijimbere Pegal
22. Kashindi Paul
23. Bizimana Joe
24. Ingabire Cristy
25. Gamal Juma
- Olympic Star mu myimenyerezo ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore
Mwomenya ko n’umurwi wa LLBS4A watanguye imyimenyerezo yo kwitegurira urukino rugiye kubahuza na Rayon Sport wo mu gihugu c’Urwanda mw’ihiganwa rya CAF Champion’s Ligue.
BUKURU Pacifique