IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Vitalo FC wakiriye umukinyi mushasha

Umurwi Vitalo FC wakiriye umukinyi mushasha

samedi 5 Myandagaro 2017

Amasezerano yo gukinira umurwi wa Vitalo FC yateweko umukono na Tchakounte Yves Jordan kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017.

Ahejeje gushira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi Vitalo FC, Tchakounte Yves Jordan yabwiye ikinyamakuru burundisport.com ko yahisemwo gukinira umurwi wa Vitalo kuko yakurikiranye abakinyi b’abarundi agasanga ihiganwa ry’Uburundi rirakomeye.

Yavuze ko azokora yitanga n’inguvu kugira ashobore kuba uwa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru burundisport.com amenyesha ko umurwi wa Vitalo FC wakiriye kandi Jumaine Niyonkuru na Mailo Nzeyimana nk’abamenyereza b’umurwi mw’ihiganwa rigiye gutangura.

Umumenyereza w’abanyegori mu murwi nserukiragihugu intamba mu Rugamba Amidou Hassan yahora amenyereza abanyegori mu murwi wa Vitalo FC nawe yongereje amasezerano.

Umurwi Vitalo FC wabaye uwa gatatu mw’ihiganwa rya Primus Ligue riherutse kurangira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.