IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20 wanganije n’uwa (...)

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20 wanganije n’uwa Sudani

dimanche 13 mai 2018

Urukino rwatanguye igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, imirwi yose yerekana ko ikeneye intsinzi, mbere umurwi Intamba mu Rugamba userukira Uburundi, wahavuye utsinda igitsindo ca mbere, ku munota wa 24 w’igice ca mbere c’urukino, cinjijwe na Juma Mohamed.

Ibintu ntivyatevye guhinduka, kuko ku munota wa 29, umurwi nserukiragihugu wa Sudani waciye utsinda igitsindo ca mbere, cinjijwe na Wallaeidin Moussa, imirwi yose ica iranganya igitsindo kimwe ku kindi, gushika igice ca mbere kirangire.

Mu gice ca kabiri, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi waragerageje gusatira, eka mbere n’umurwi wa Sudani urasatira, ariko nta murwi n’umwe wasubiye kuronka igitsindo, urukino rwarangiye imirwi yose inganya, igitsindo kimwe ku kindi.

Urukino rwo gusubiriza ruzoba kw’igenekerezo rya 20 Rusama mu gihugu ca Sudani, rukaba ari urukino rushobora kutorohera Uburundi, na rirya umurwi wa Sudani ufise igitsindo watsindiye hanze y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.