IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wamaze gushika muri Sudani

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wamaze gushika muri Sudani

jeudi 27 Mukakaro 2017

Amakuru dukesha bamwe mu bajanye n’umurwi nserukiragihugu, amenyenyesha ko abafashe urugendo baja muri Sudani ni abakinyi 18,abamenyereza b’umurwi nserukiragihugu batatu,umuganga hamwe n’abaserukira ishirahamwe ry’umupira w’amaguru batatu.

Umumenyeshamakuru ,hamwe n’uwuserukira ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imico kama bitegekanijwe ko bafata urugendo kuri uno wa kane igenekerezo rya 27 Mukakaro 2017.

Mu rukino rwa mbere rwabereye I Bujumbura kuw’Imana igenekerezo rya 23 Mukakaro 2017, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba wari wanganije n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani ubusa ku bundi.

Urukino ruzobera mu gisagara ca Obeid ku munsi wa gatandatu,igenekerezo rya 29 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.