IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watakaje ibibanza 3 ku rutonde rwa (...)

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watakaje ibibanza 3 ku rutonde rwa FIFA

jeudi 12 avril 2018

Nk’uko biri ku rutonde rwa FIFA rwasohotse kur’uno wa kane igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wavuye mu kibanza c’142 mu kwezi guheze kwa Ntwarante, utibukira mu kibanza c’145 muri uku kwezi kwa Ndamukiza.

Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, umurwi uza mu kibanza ca mbere n’umurwi w’Ubuganda uza mu kibanza ca 74, ugakurikirwa n’umurwi wa Kenya uza mu kibanza c’113, umurwi w’Urwanda uza mu kibanza c’123, Tanzaniya uza mu kibanza c’137, umurwi wa Etiyopiya unganya n’Uburundi uza mu kibanza c’145.

Mu kibanza ca mbere kw’isi hari umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi, mu kibanza ca kabiri haza umurwi Bresil, mu kibanza ca kane haza Ububirigi, mu kibanza kane ni Portugal, mu kibanza ca gatanu ni umurwi wa Argentine.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.