IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > Umurwi w’abigeme FOFILA PF mu kibanza ca mbere ku ndwi ya 12

Umurwi w’abigeme FOFILA PF mu kibanza ca mbere ku ndwi ya 12

Monday 11 June 2018, by vianney

Mu nkino zabaye ku ndwi igira ya 12 ,umurwi wa PVP Buyenzi watsinze umurwi wa Rain Bow ibitsindo 4 kuri 1 naho umurwi wa La Colombe FC unyagira umurwi wa Onze Etoile ibitsindo 5 k’ubusa.

Muriyo ndwi nyene igira ya 12,umurwi wa Ubuntu FC wanganije n’umurwi wa Lionne Star igitsindo kimwe ku kindi mu gihe umurwi Fofila PF werekanye ko ukomeye mu gustinda umurwi wa Christ Roi ibitsindo 9 k’ubusa.

Inyuma y’izo nkino z’indwi igira ya 12 mw’ihiganwa ry’urwego rw’igihugu ku bigeme,umurwi uza mu kibanza ca mbere,ni Fofila PF, umurwi wa PVP Buyenzi uza mu kibanza ca kabiri ku manota 31 n’ibitsindo 76 mu gihe umurwi wa la Colombe uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 22 n’ibitsindo 26.

Mu kibanza ca kane haza umurwi wa Rain Bow ufise amanota 16 n’ibitsindo 20,umurwi wa Ubuntu FC n’uwa gatanu n’amanota 13 n’ibitsindo 18 naho ikibanza ca gatandatu kikazamwo umurwi wa Lionne Star ufise manota 12 n’ibitsindo 16.

Umurwi wa Christ Roi uza mu kibanza c’indwi n’amanota 9 hamwe n’ibitsindo 42 mu kibanza c’umunani arico ca nyuma hakaza umurwi wa Onze Etoile ufise inota 1 n’ibitsindo 53.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.