Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Umurwi wa Vital’O ugeze ahatemba
Yanditswe taliki ya 26-09-2016 - isaha 14:36' na IGIHE

Umurwi wa Vital’O wari umaze imyaka ibiri wikurikiranya utwara ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ugeze aho umwansi ashaka. Ku munsi ugira gatatu w’ihiganwa ry’umwaka w’2016 ushira uw’2017, umurwi wa Vital’O ugeze mu kibanza ca 11.

Uwo murwi ukaba uheruka kugurisha bamwe mu bakinyi bakomeye bawo, aho tukaba twobabwira umusatirizi Laudit MAVUGO yari amaze imyaka ibiri ariwe yinjiza ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, akaba aheruka kugurishwa mu murwi wa Simba wo mu gihugu ca Tanzaniya.

Uwo murwi waragurishije kandi Shassir NAHIMANA umukinyi wo hagati aheruka kwerekeza mu gihugu c’Urwanda muri Rayon, hamwe na Hussein Chabalala nawe nyene abarizwa mu Rwanda.

Ku munsi ugira gatatu w’ihiganwa, Vital’O iza mu kibanza ca 11, n’amanota abiri gusa.

Uko imirwi irushanwa

1. Athletico Olympic : Amanota 9
2. Inter Stars : Amanota 9
3. LLB : Amanota 9 pts
4. Aigle Noir : Amanota 7
5. Flambeau de l’Est : Amanota 6
6. Les Lierres : Amanota 4
7. Musongati : Amanota 3
8. Muzinga : Amanota 3
9. Messager Ngozi : Amanota 3
10. Ngozi City : Amanota 2
11. Vital’o : Amanota 2
12. Messager Bujumbura : Amanota 2
13. Rusizi FC : Amanota 2
14 . Bujumbura City : Inota 1
15. Magara Star : Inota 1
16. Olympic Star : Inota 1

Ivyiyumviro vyanyu

Nukuribira Mbabaje Kubera Abakinyibagurishij JEwendasinziy Ijororyizamwes

2.12.2016 à 21:15
MAmerce

Noneko Uwomukinyinumva Adahari Intsinzi Izobiyahe

2.12.2016 à 21:04
MAmerce :

Nikuberiki Messager Ngozi Yateye Ija Inyuma

1er.12.2016 à 19:47
Ndihokubwayo Fabrice

MESSAGENGOZI,IFISINKINORYAR ?IZOKINANANDE ?

10.11.2016 à 21:02
NYANDWISAlvator

Ubu mbe message ngozi igeze hee

3.11.2016 à 08:01
######

Haracari Kare Ntiwokwihebura kandi urondere nabandi bakinyi.

4.10.2016 à 11:29
Félix

Haracari Kare Ntiwokwihebura.

4.10.2016 à 11:26
Félix

Uwmugwi Vitalo Nurabe Ugarukane Abakinyiyagurishize Ataraho Uvumwihiganwa

3.10.2016 à 17:25
Désiré

emwe biragoye jewe ntaco nobivugako guko barihenze bagurishije abarimwo bihangane guko barihenze gose

30.09.2016 à 13:39
clovis

Jewe Ico Mbone Ko Wari Umurwi Ukomeye Nugure Abandi Bakinyi Muyindi Mirwi Kuko Na Barcelona Iguma Igura Abandi Iyo Ibarungitse Jewe Nico Mbona.

29.09.2016 à 17:53
Ananias

NONE OLEMPIC STAR VYAGENZEGUTENAVITALO ?

27.09.2016 à 10:29
EMILE PRO

Jew ndababara cane mbony vitalo nyakubahwa bikorimana benzame kura uwomumenyerez ugarukane kanyenkor jirber yawund niwe papa vitalo eric mwi jabe

27.09.2016 à 07:13
ERIC JABE

Aho Ni Hatari Ni Bace Bihangana Canke Nabo Bagire Umwete Wo Kugura Abakinyi.

26.09.2016 à 20:19
Japhet

NIKOBIMEZE INDANDENDE IHUMIRIRYA AHUBWO NA MARC ARITIR NIBAMUGURISHE.

26.09.2016 à 18:37
Léonard

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.