Urukino hagati y’Uburundi na Sudani rwasubiriye kwunguruzwa

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 Mukakaro 2017 saa 12:12
Yasomwe : 5553
0 0

Urukino rwohuje umugwi nserukiragihugu "Intamba mu rugamba" n’umugwi nserukiragihugu w’umupira w’amagura wo mu gihugu ca Sudani mu nkino zitegura ihiganwa rya CHAN rwobaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro rwungururijwe ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 Mukakaro 2017.

Fabrice NIRAGIRA ajejwe kumenyesha amakuru muri FFB (Federation du Football du Burundi) amenyesha ko ko ishiramwe rya Afrika rijejwe ivy’umupira w’amaguru (CAF) ariryo ryasavye ko ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro hokinwa urukino ruzohuza umugwi nserukiragihugu w’Uburundi w’Abigeme hamwe n’uwo mu gihugu ca Djibouti mu nkino zitegura igikombe c’isi c’abigeme co mu mwaka uza wa 2018.

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 23 Mukakarao naho hakinwe urukino ruzohuza umugwi w’abahungu w’Uburundi n’umugwi wa Sudani, mu nkino zitegura ihiganwa rya CHAN ry’abakinyi bakina mu bihugu vyabo, mw’ihiganwa ry’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba ihiganwa rizobera muri Kenya mu mwaka w’2018.


Kumenyekanisha

1
Pasifique 30-07-2017 à 05:23

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha