Urutonde rw’abakinyi baserukiye Uburundi muri CECAFA

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 29 Munyonyo 2017 saa 11:31
Yasomwe : 11835
0 0

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu rukino rw’umupira w’amaguru "Intamba mu rugamba", Alain Olivier NIYUNGEKO yashikirije urutonde rw’abakinyi 20 baserukiye Uburundi mw’ihiganwa rya CECAFA Challenge Cup Senior mu gihugu ca Kenya. Urwo rutonde rukaba rugizwe n’abakinyi bakina mw’ihiganwa rya Primus League hamwe n’abandi basanzwe bakinira imigwi yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Iryo higanwa rizotangura kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Nairobi

Abakinyi baserukiye Uburundi, n’imirwi bakinamwo

Abanyegori

Rukundo Onesime (Messager Ngozi)
Nahimana Jonathan (Vital’o Fc)

Abakinyi b’inyuma

Moussa Omar (Bugesera Fc Rwanda )
Nshimirimana David (Mukura Vs Rwanda )
Ndoriyobija Eric (LLBS4A)
Rashid Leon (LLBS4A)

Abakina hagati

Nahimana Steeve (Aigle Noir)
Ndikumana Tresor (Amagaju Fc Rwanda)
Kwizera Pierrot (Rayon Sports Rwanda)
Duhayindavyi Gael (Mukura, Rwanda )
Urasenga Dany Cedric Kagabo (Messager Ngozi)
Nahimana Shassir (Rayon Sports Rwanda )
Harerimana Moussa Hafidh (LLBS4A)
Ndayishimiye Issufu Nyange (Aigle Noir)

Abasatirizi

Abdoulrazzack Fiston (Nta mugwi afise ubu)
Moussa Mossi (LLBS4A)
Shaban Hussein Tshabalala (Amagaju Fc Rwanda )
Shaka Bienvenue (Aigle Noir)

Bitegekanijwe ko abo bakinyi bafata urugendo rubashikana mu gisagara ca Nairobi kuri uno wa gatatu igenekerzo rya 29 Munyonyo 2017.

Tubamenyeshe ko kuri urwo rutonde ari abakinyi 18, ariko ko hiyongerako abakinyi babiri aribo Mc Arthur Arakaza (umunyezamu akina muri Kenya) hamwe na Laudit Mavugo (umusatirizi akina muri Tanzaniya) bazosanga abandi mu gisagara ca Nairobi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha