IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ababishobora baratumiwe kwibuka abahitanywe n’igitero c’i Garissa

Ababishobora baratumiwe kwibuka abahitanywe n’igitero c’i Garissa

vendredi 24 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ishirahamwe ry’ aba blogueurs hano mu Burundi ryifatanije n’amashirahamwe y’abanyakenya AKB, JELIM na BCC baratumirira abantu bose kuza kwifatanya nabo kwibuka ba banyeshure bo muri kaminuza y’i Garissa bahitanwa n’igitero c’ abihevyi.

Ivyo birori vyataziriwe’’ Garissa Special Memorial’’ bikaza kurangwa n’agasabisho hamwe n’igiteramo c’abaririmvyi batandukanye, nk’uko tubishikirizwa na Spageon Ngabo umwe mu batunganije ivyo birori. Muri ivyo birori kandi hatumiwe abanyacubahiro batandukanye nk’umushikiranganji w’inkino n’imicokama hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu.

Kwinjira ni ku buntu nk’uko babandanya babitumenyesha , ariko ico kunywa umwe wese akaba aza kwimenya . Spageon Ngabo atumirira abanyagisagara ca Bujumbura na cane cane urwaruka kuza kwifatanya na bene wabo b’abanyakenya.

Ivyo birori bikaza kubera hafi y’ikibuga tempete kuri Pearl Hotel, igihe c’isaha 12 z’umugoroba wo kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza. Tubibutse ko ico gitero cabaye kuwa 2 Ndamukiza uno mwaka mu gisagara ca Nairobi muri Kenya, kikaba cahitanye abantu 152 harimwo abanyeshure 148.


Floxella Karire

Messages

  • C,est impératif que tous les africains, nous nous levions comme un seul peuple, surtout les jeunes, pour défendre nos libertés dont l’apprentissage et l,expression. c’est important que nous nous metions ensemble pour monter notre développement. Nous devons nous soutenir en malheur et en bonheur.
    Voilà!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.